I magazini Fisnete Shop ya Abdoulazak Fiston ije kworohereza abarundi n’abanyamahanga baba mu gihugu cacu

0

I magazini y’umukinyi w’umupira w’amaguru w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi intamba mu rugamba ariwe Abdoulazak Fiston arahamagarira abakunzi bose b’inkino,abakunda kwinonora imitsi bose ko boyitura kugira ngo ibambike kuko ifise imyambaro myiza cane y’inkino kandi iri ku giciro ciza cane
fisnete
Nkuko rero umutambukanyi wuyo mukinyi yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru cacu ubmnews mu kiganiro yaduhaye aho twamusanze aho iyo magazini isanzwe iri mu gisagara ca bujumbura impande y’ubuserukizi bwa Congo n’urwanda muri casino le cercle yashoboye kutubwira ko muri iyo magazini bafise ibintu vyiza cane kandi bizimbutse aho yashoboye kutubwira ko badandaza:
Impuzu zo kwambara z’inkino,izisanzwe,ibirato umuntu yokwambara mu kwinonora imitsi,ivyo gukinisha umupira hamwe n’ibindi bintu vyinshi cane,
Umutambukanyi wuyo mukinyi Fiston Abdoulazak agahimiriza abantu kugurira impuzu muri iyo magazini ya Fisnete Shop
fisnete shop

Tworangiza tubamenyesha ko ushaka kwambara neza wokwegera fisnete shop y’umukinyi Abdoulazak Fiston iri impande y’ubuserukizi bwa congo n’urwanda aho bita muri casino le cercle