Messager Ngozi waraye utahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu mu gutsinda Vitalo’o fc

0

Umugwi wa Messager Ngozi waraye utahanye igikombe c’umukuru w’igihugu mu gutsinda mu rukino rwa nyuma umugwi wa Vitalo’o fc
vitalo fc na messager ngozi
Hari ku munsi w’ejo igenekerezo rya 25 mu ntara ya Rutana ahategerezwa kubera urwo rukino rudasanzwe rwahuza imigwi ikomeye cane,imigwi yigenjenje neza mw’ihiganwa riheruka kurangira,umwe ukaba wari wabaye uwa mbere mu gihe umugwi wa Messager Ngozi wari watahukanye ikibanza ca 2 muri iryo higanwa rya primus ligue ariko ku munsi w’ejo nticabujije ko uyo mugwi ukura mu maboko igikombe c’umukuru w’igihugu umugwi wa Vitalo’o fc.

Umugwi wa Vitalo’o fc urikumwe n’umumenyereza wayo mushasha asanzwe yamuka mu gihugu c’ubudagi ntiwashoboye kuvyigenzamwo neza kuko washoboye gutakaza igikombe mu gutsindwa na Messager Ngozi bituma Messager Ngozi utahukana igikombe cawo ca mbere nyuma y’imyaka igera kuri 12 uwo mugwi ubayeho

Aya namwe mu mafoto yaranze urwo rukino:

rutana rutana 2 rutana 4 rutana 6 rutana10 rutana8 rutana7