Menya vyinshi ku makuru amaze igihe avurwa ku Rupfu rwa Sat-B

0

Mu gihe kitari ikirenga hari ibihuha vyari bimaze iminsi biriko birakwiragizwa y’ uko igihangange mu muziki w’ Uburundi ariwe Sat-B ko yoba yaritavye umuremyi bigatuma abakunzi b’ umuziki wiwe bagira kwibaza ibibazo vyinshi kuri ico gihuha.

11231799_723700337742244_5859746137582100398_n

Mu makuru yatohojwe na UBM News twaje gusanga ivyo bihuha ari ibinyoma vy’ ambaye ubusa kandi bidafitaniye isano na gato n’ ubuzima Sat-B arimwo ikigali. Sat-B akaba anyomoza ivyo bihuha, akaniyamiriza abantu bagenda bakwiragiza izo nkuru z’ agasema.

11046343_745625172216427_7199255752865988082_n

Bimwe mu bikorwa Sat-B aheruka gukora ni nko gukora amashusho y’ indirimbo yiwe URANKIRIGITA yakoranye n’ umurwi nyarwanda Urban Boys hamwe n’ indirimbo nshasha yitwa GENERATION MOTO MOTO yakoranye na NIZZO KABOSS wo muri uyo murwi nyene, Tutibaye n’ akaririmbo kiwe KANITANGAZE aheruka gushira ahabona.