Menya amajambo y’ inkora mutima aranga indirimbo MCHEZO WA NDANI ya MKOMBOZI

0

Inyuma ya PAPA NZEYIMANA, igihangange mu muziki w’ Uburundi ariwe Mkombozi yashimye gushira ahabona akandi karirimbo kiwe gashasha yise MCHEZO WA NDANI kavuga ku vy’ ubwoko canke amacakubiri muri rusangi. Ikinyamakuru UBM News kikaba cashimye kubashikiriza amajambo aranga iyo ndirimbo nkuko abanywanyi b’ Umuziki w’ Uburundi bamye babidusaba.

11539556_1428353967491266_1333882560437152508_n

Soma ngaha ivyiyumviro birashe biri muri iyo ndirimbo:

#‎MUCHEZO_WA_NDANI

Kwoga ivyaha sukwirirwa muri douche No kuba umweranda sukudasiba dimanche Ntamoko muburundi twarabahinyuye Hasta la victoria siempre Waratevye cane wari kuvuka kare Ugatwara irindwi na kabiri hataraza iteramber Ubuturi kwisi ya facebook na whatsapp Twarabahinyuye amoko numutahe wanyu Ahari amacakubiri harangwa nibi bintu Haba match zabatutsi nizindi zabahutu Concert zabahutu nizindi zabatutsi Ariko ivyo vyose muburundi ntabihari Ko atasengero ryabahutu canke iryabatutsi Ko atamusigiti wubwoko nabonye mubuyenzi Dusangiye ikirundi dusandiye nimico Dusangiye arusha dusangiye nagasho

Gute wovugimana kandi wambaye amoko Ubumwe ni itongo ryacu reka kudutesha umurongo Ubesha ko abarundi duhanzwe namoko Kandi wizerindya zitetswe na cokoroko Fata abarundi bose nka pasteur simbananiye Naho tutarabapasteur ariko turizeye Harigihe mutandukanya amoko kumacartier Ninde atwara urbanisme aze abitwemeze Mbe nkikiriri hoba hari ubwoko nyabaki Ko peter na buyoya basanzwe ari ababanyi Iyaba muburundi hari amacakubiri Yosigaye edouard hagahunga rufyikiri Ntamacakubiti muburundi ni muchezo wa ndani Abarundi turi maso twabahinyuye zamani Mbwira umurundi afise izuru ridafise umutanzaniya Mbwira umurundi afise izuru utoronka muri nigeria Mbega Imana yarakosheje mukuduha amazuru Mbwira izuru rivamwo amata ritavamwo ibiseru Kuki anasezerano yiarusha ahagaze kumacakubiri Ngo hatwaye ubu bwoko icegera kive mubundi Naho yoba atabikwiye kuberubwoko ategerezwa Ivyegera bibiri dukenye bikwiye guhinduka Kuko atamacakubiri akibaho muburundi Twese duhungira hamwe tugasangira ninkambi Abafise urwanko boba gute munkambi imwe Amoko nicitwazo cabapoliticien baburaniwe

Kenshi umusazi yize ayererana amakaye Ariko umusazi atize ayererana amabuye Gute wica umuntu umuhora izuru utamuhaye Rwawe wariguze mwibutike ko arimana yariguhaye Rest in peace ingabo zacu zapfiriye isomalia Natwe al-shabab yiburundi iguma iduhekura Aho kuzana imisegetera turwanye malaria Haza indege yibirwanisho bije kutumara Umunyota uvuka kumucanwa ariko ntushusha imboga Kuki kahise kabi kumuvyeyi gahitana umwana Uwabaroze ntiyakaravye naho jewe ntamuzi Iyumvire namwe Wogarukana gute ikinyoma camacakubiri Arico cakugize impfuvyi Mubisanzwe muburundi hari ubwoko bubiri Hari abakorineza nabakorikibi Hari abarundi nabarundirundi Batifuza nagato kubona ubumwe mubarundi Nimba urwanko ari imbuto niwimbura uranyima Uri gahini wiburundi ndi abel nzeyimana Hasta la victoria siempre