Ibiharuro vya nyuma vyavuye mu matora vyamenyekanye

0

Kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro 2015 niho umurwi ujejwe amatora mu Burundi Ceni washize ahabona ibiharuro  vyavuye mu matora aheruka kuba kuruyu wa 2 igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015 mu matora y’umukuru w’igihugu akazotwara imyaka 5 gusa gushika 2020, uwatsinze murayo matora akaba ari Petero Nkurunziza ku majwi 69.41% yatowe ari mu mugambwe CNDD-FDD, ariko imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi ntibigeze bitaba ayo matora kubera batemera ko Petero NKurunziza agaruka kandi murayo matora kuko bihonyanga ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano ui Arusha.

IMG-20150726-WA0002

Nkuko vyamenyeshejwe n’umurwi Ceni mu nyubakwa z’ihoteli Royal Palace, Petero Nkurunziza yatsinzwe ku majwi 69.41% akurikirwa na Rwasa agathon ku majwi 18.99%, uwitwa Gerard Nduwayo wo muri Uprona ya Conciliya aronka amajwi 2.24%.

IMG-20150724-WA0007

Umurwi Ceni umenyesha ko abatoye mu gihugu cose ari ibice 73.44%

Mwomenya ko Petero Nkurunziza azoca arahira yinjiye ayo mabanga mashasha igenekerezo rya 26 Myandagaro 2015 nkuko amategeko abivuga.