I Makamba habaye imirwano, hanafashwe ibirwanisho

0
Abafatiwe mu kayanza bivurwa ko bari abarwanyi
Abafatiwe mu kayanza bivurwa ko bari abarwanyi

Inkoho zishika 21 zoba zafashwe n’abajejwe umutekano inyuma y’imirwano yabaye hagati y’abasirikare n’umurwi utaramenyekana uwariwo. Iyo mirwano ngo nta buzima yatwaye ku ruhande rw’abasirikare b’igihugu c’Uburundi nkuko SOS Media Burundi ibishikiriza.

Iyo mirwano ikaba yabereye i Makamba ahitwa Rukambasi hamwe nahitwa Mutima muri makamba ku musi w’ejo gushera isaha zine z’igitondo nkuko mugenzi wacu akorerayo yabishikirije.

Mwomenya ko iyo mirwano ibaye inyuma y’iyabaye mu ntara ya Kayanza aho hamenyeshejwe ko hanishikanye abarwanyi batari bake n’inkoho zitari nke zikaba zarafahswe naho abavuga ko bateye bamenyesha ko ataribo ahubwo ari umukino w’ubutegetsi.