MCHUNGAJI ( PASTOR ) wi kanisa ryo muri Tanzania ”Evangelical Assemblies of God ” yaciriwe urubanza rw’imyaka 30 ari mugasho hamwe nogukubwitwa ibimoko (rods) 12 inyuma yaho basangiye afite amakosa abiri, iryambere niryo gufata kunguvu iryakabiri naryo niryo gutera inda umunyeshure wimyaka 19.
Gilbert Ndeuruo” umucamanza yamuciriye urwo rubanza, yavuze ko uwo mu Pastor bamuciriye imyaka 30 bivanye nuko hariho ivyabona kandi vyemeza ko yakoze ivyobintu kumunyeshure wimyaka 19 ”Neema Beni
Uwari ahagarikiye urwo rubanza ”Archiles Mulisa ” yasavye mahakamani (court )ko bohana uwo mu Pastor bimwe vyakarorero bikabera icirwa kubandi bose bafise ingeso nkiyo kuko ngo uravye bisa nuko yoba yakoze ihonyabwoko ryibitsina kuko uwo mu Pastor afise imyaka 57, umukobwa nawe akaba afise imyaka 19.
uwo mu Pastor yononeye amashure uwo mukobwa kandi ivyo bintu bibi ngo yahora ibikorera ahantu henshi hatandukanye harimwo no mumashengero, ubwo rero Archiles Mulisa yasavye mahakamani (court ) ko yotanga itegeko kuruwo mugabo akazoriha amafaranga yogufasha uwo mukobwa.
Nubwo bimeze uko, uwari arongoye urwo rubanza yamubajije ko bomugabaniriza ico gihano, niho uwo Pastor yaciye avuga ati : Ndasavye imbabazi cane mugabanyirize kuko uravye nfise abana hamwe niyindi miryango twavukanye bityo munfunze ntawundi muntu bosubira kuronka abafasha.
Nubwo yasavye bamupunguze nticabujije yuko ahanwa bimwe bikomeye ” Gilbert Ndeuruo” yamuciriye imyaka 30 yomugasho hamwe n’ibimoko (rods) 12 kwikosa ryambere, kwikosa ryakabiri naho yaciriwe igifungo c’imyaka 5 hamwe no kuriha i Milion 20 zogufasha umuryango wuwo mukobwa.
Hano Pastor wiryo kanisa rya Evangelical Assemblies of God of Tanzania(EAGT) yararindiriye ikesi yiwe kobayisoma muri Court.
abanyagihugu batandukanye bari baje kunviriza ikesi ya Pastor.
MCHUNGAJI wi Kanisa rya Evangelical Assemblies of God of Tanzania(EAGT) aba mugisagara ca Mbeya Daniel Mwasumbi uwo yambaye isuti yera bamukuye muri Court aho yarahejeje gucirwa igifungo cimyaka 30 muri Jela.
abana buwo mu Pastor aha bari basohotse bahejeje kunva ko sewabo agiye gufungwa imyaka 30.
hano umwana wumukobwa wuwo mu Pastor yarariko aravugana nabamenyeshamakuru ababwira uko vyifashe.
aba Kristo aha bari hanze bahejej kunviriza ikesi ya Pastor
abana biwe aha ntabwo bari bemere neza ko sewabo agiye gufungwa imyaka 30 yose.
Uyo niwe mukobwa yafashwe kunguvu nuwo mu Pastor, hano rero yariko ararira ababaye cane.
POSTED BY UBM NEWS ” ERIC NYANDWI
Recent Comments