Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsD-Man a.k.a G-Rapper asaba abaririnvyi bose ko boja hamwe bakubaka ubumwe ...

D-Man a.k.a G-Rapper asaba abaririnvyi bose ko boja hamwe bakubaka ubumwe !

Umuririnvyi D-Man a.k.a G-Rapper aba hano muri Reta zunze ubumwe za America mugisagara ca New York avuga ko atamuziki wobaho mugihe udafite abashabiki ”532793_2939564377677_1706798368_n

Mukiganiro yagiranye numunyamakuru wa UBMNews, D-Man yavuze ko indirimbo atari i Beat ( ingoma ) ahubwo ni amajambo aba ari muriyo ndirimbo bityo ngo abantu ntibaze baragaya indirimbo za HIP HOP ngo ntiziryoshe kandi amajambo aba ari murizo aba afite akamaro kanini cane.

D-Man yabajije ikibazo avuga ati : ese abaririnvyi turirimba kugira tudandaze indirimbo canke turirimba kugirango twiyerekane tumenyekane ? ndibuka ko nigeze kudandaza ama CD 10 nkaronka $50 yonyene bityo nditegereza nsaga ama Dollar narishe muri Studio nsanga nimeshi cane, ninaco gituma ubu naciye mpitamwo kureka kuza ndashira indirimbo zanje kuri Youtube ahubwo mpitamwo kuzishira kuri Amazon kugirango uwuzikeneye azigure.

Uno muririnvyi yongeye asaba abaririnvyi bose ko bogira ubumwe bakaja hamwe kuko iyo wubatse ubumwe bituma utera imbere ukaja kuyindi ntambwe. Posted by Eric Nyandwi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments