UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Egypte : Morsi ati : “Naho bonyica sindota ntanga imihoho”

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe, imusaba gukinjura, ndetse akanahabwa amasaha 48 ngo abe yavuye ku butegetsi, ku munsi w’ejo yamenyesheje ko hako yova ku butegetsi ikiringo ciwe kitarahera yopfuma abura ubuzima bwiwe.6-25-12-Mohamed-Morsi_full_600

Amakuru ava mu gihugu ca Misiri avuga ko umukuru w’igihugu Mohamed Morsi yatangaje ku mugaragaro ko atarota atanga imihoho mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira iryo kuwa gatatu, avuga ko yiteguye no kuba yobura ubuzima bwiwe, aho gusubiza ubutegetsi bw’igihugu ca Misiri yatorewe kuyobora.

Mu gihe igisirikare camuhaye amasaha 48 ahava arangira uno musi igenekerezo rya 3 Mukakaro 2013, Morsi avuga ko asavye igisirikare gukuraho ivyo basaba kuko ategerezwa kurangiza ikiringo yatorewemwo kurongora nk’uko ibwirizwa shingiro ribimurekurira.

Ariko rero n’aho umukuru w’igihugu Morsi ariko aranana, ibintu biguma vyunyuka mu gihugu ca Misiri kuko ku munsi w’ejo gusa abantu bagera kuri mirongo ibiri aribo baguye mu mishamirano gahati y’abarwanya ubutegetsi bwa Morsi n’abayoboke biwe.

Sources ‘ IGIHE

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments