Mc Fella agiye guhurira mu giteramo na Dj Pro hamwe na Chris Dizzo

0

Umuririmvyi w’umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Afrika y’Epfo ariwe Mc Fella azohurira mu giteramo kimwe hamwe n’abaririmvyi bakomeye cane bo mu gihugu c’uburundi ariko muri kino gihe bari mu gihugu ca Afrika Y’Epfo aribo:Dj Pro na Chris Dizzo
mc fella
Nyuma rero yo kwumva ko Mc Fella agiye guhurira mu giteramo kimwe nabo baririmvyi bakomeye cane b’abarundi,ikinyamakuru cacu ubmnews carashoboye kumwegera kiramubaza ingene yiyumva kubona agiye guhurira mu giteramo kimwe nabo baririmvyi,Mc Fella akaba yatwishuye ati:Kubwanje numva nryohewe cane kuba ngiye guhurira mu giteramo kimwe na bakuru banje bantanguriye muri uyu mwuga,namye nipfuza ko umunsi umwe twohurira mu giteramo kimwe ni bintu rero vyo gushima

Tworangiza tubamenyesha ko Mc fella ariko arakora indirimbo nshasha agiye gushira ahabona vuba