UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Matata Augustin,indongozi ya CNL muri komine Isale yarapfuye inyuma y-ihohoterwa rikomeye yakorewe mw-iperereza.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yo gufatwa kuwa 16 Munyonyo 2021 n-abantu bambaye impuzu z-igipolisi bamusanze kw-ibarabara rya gatandatu riri i Buringa muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, Indongozi y-umugambwe CNL muri komine Isale Matata Augustin yahavuye asandaba inyuma y-ihohoterwa ridasanzwe yakorewe n-iperereza ry-uburundi.Image

Nkuko tubisoma ku rubuga rwa Facebook rw-uwurongoye isekeza NDONDEZA, pacifique Nininahazwe amenyesha ko Matata Augustin yavugije induru agifatwa maze arabura igitabara.Niko guca yurizwa imodoka yo mu bwoko bwa « camionnette double cabine» ifise imparati E0540A Aca ajanwa ahantu hatamenyekanye.

Mu misi iheze, abaryango b-iyo ndongozi ya CNL muri komine Isale bahavuye bamenya ko uwabo arwaye cane kandi aremvye cane mu bitaro clinique Prince Louis RWAGASORE i Bujumbura kubera kuborezwa igufa yagiriwe mw-iperereza. Bagize baraja kumuraba, basanze icumba Matata arwariyemwo gicunzwe n-abapolisi , abiwe ntibemerewe kumuraba. Ndetse ngo n-ibifungurwa bari bamugemuriye  abapolisi baranse kuvyakira. Nkukotubandanya tubisoma ku rubuga rwa Pacifique Nininahazwe, Matata Augustin yari yamaze  kumererwa nabi kuburyo yari yamaze kuja muri «coma». Akaba arinze yitaba Imana abiwe batarekuriwe kumubona.

Tubamenyeshe ko ata misi yari ihaciye umurwi w-igihugu ujejwe agateka ka zina muntu usohoye itangazo wemeza ko iperereza ryahohoteye abantu . Bikavurwa ko izina rya Matata Augustin naho atarivuze iri muri abo bantu babiri uwo murwi wavuze ko wahohotewe.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments