UBM News ads

Abanyagihugu bibutswa kwubahiriza ingingo zo kwikingira Covid-19 mw-iyi misi hariko hibonekeza abandura benshi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu , umutekano hamwe n-iterambere rusangi  buributsa abanyagihugu kwubahiriza ingingo zo kwikingira umugera wa Coronavirus  muri iki gihe buvuga ko hariko hibonekeza abandura benshi.Burundi records three cases of coronavirus - The East African

Mw-itangazo ryasohowe n-ubwo bushikiranganji kuri uyu wa gatatu, busigura ko muri ino misi hibonekeza itezura mw-ikwirikizwa ry-izo ngingo , ivyatumye ibitigiri vy-abandura uwo mugera vyiyongera hagati mu gihugu hamwe no mu bisagara.

Muri iryo itangazo, bamenyesha ko ingingo yo kubuza ko abantu bahurira hamwe  ari benshi , zijanye n-amazu y-ubutambiro  zizobandanya  zishirwa mu ngiro kandi ko uwuzozirengako azohanwa vy-akarorero mbere no gushengezwa arengutswe bibaye ngombwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments