Ghana: Indege izofatirwamwo ingenzi iticandagishije Covid-19 izocibwa ihadabu ry-amadorare 3500.

0

Kuri ingenzi yose iticandagishije Covid-19 ifatiwe mu ndege itwara ingenzi  mu gihugu ca Ghana , isosiyete y-indege yamuzanye izocibwa ihadabu ry-amadorare y-abanyamerika angana 3500 .Aéroport d'Accra : la fin du chantier approche – Jeune Afrique

Leta ya Ghana yatangaje ko iyo ngingo igamije no guhangana n-ubwoko bushasha  bwa Covid-19 bwitwa «Omicron». Ikaba yatangaje ko haheze imisi abantu bafise ibimenyetso vy-ubwo bwoko busha bwa Covid-19 ari abanyamahanga baza n-indege. Iyo ngingo ije kandi mu gihe Leta ya Ghana yatanguye gusaba abantu baturutse mu mahanga barengeje imyaka 18 kuza berekana icangombwa cuko bakingiwe bikwiye Covid-19.

Tubamenyeshe ko ico gihugu ca Ghana catangaje ko abanduye  ubwoko busha bwa Covid-19 kiriko kibona, 60% ari abantu baba bururutse ibibuga vy-indege.