Masterland agiye kwinjira studio yiwe nshasha

0

Umuhinyanyuzi akongera akaba umuririmvyi Masterland agiye kwinjira studio yiwe nshasha nkuko uyo muririmvyi yashoboye kuvyandika ku rubuga rwiwe rwa facebook
Masterland akaba yanditse ko ibikoresho bimwe bimwe bizoba biri muri iyo studio vyatanguye gushika ibindi navyo bikiri mu nzira ariko vuba bikazoshobora gushika
inkofero za masterland
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Masterland akaba yanditse ati”
Inkofero, ibirato n’imipira igezweho vya Masterland n’inzu ya ‪#‎MasterMuzik‬(Double M) .. Vyamaze gutunganywa kuva Quebec muri Canada.. Kandi mu mabara menshi ajanye niry’ukunda.. Woba witeguye kwambara iyi myambaro igiye kubica 2016?? Ahariho hose kw’isi uzoshobora kuvyibikako. N’irihe bara wumva wohitamwo? Mbe ndarikubikira hakiri kare
Ayo akaba ariyo majambo Masterland yashoboye kwandika ku rubuga rwiwe.