Amahoteri atatu yarashimiwe mu kwakira neza ingenzi

0

Ihoteri Club du Lac Tanganyika, Royale Palace n’ihoteri Belair nizo hoteri zashimiwe n’ubushikiranganji bw’ingenzi burabiye ingene zubatswe, ingene zakira ingenzi, ingene zitanga akazi n’amakori n’ingene zikingira ibidukikije. Abahinga 8 muvy’amahoteri nibo barungitswe  kugenzura ihoteri 64 ziri mu ntara 11.

Muri mairie ya Bujumbura hakaba hagendewe ihoteri 22, i Ngozi zitanu, i Gitega zitatu, mu Kayanza zitatu, muri Karusi zibiri, i Muyinga imwe na Muramvya imwe.  Umushikiranganji ajejwe Ubudandanji n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi, amenyesha kw’ico gikorwa arico gutuma amahoteri yisuzuma akaduza ubuhinga bwayo k’urugero mpuzamakungu n’urwo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Arameneysha ko kugira usuzumwe uba ukwije ibisabwa 19 kugira uje mu mahoteri akomakomeye.

Umushikiranganji w’ubudandanji n’ingenzi arasaba ayo mahoteri yabaye ayambere ko atosubira inyuma yoguma aduga asumbe urugero yariko mu ntumbero yo guhiganwa n’ayandi mahoteri yo mu karere no kw’isi.

Mwomenya ko imishamirano yo mu mwaka w’i 2015 yakozeko cane amahoteri amwe aragabanya abakozi ayandi biranka ko ariha amadeni yari yafashe mu mabanki. Ariko agahengwe ubu karatanguye kuboneka kurayo mahoteri.