Umukuru w’umugambwe CNL yiyamiriza umugambi w’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwo kumuhindurira abapolisi bamucungera umutekano atabanje kubimenyeshwa. Agathon RWASA amenyesha ko yahavuye yanka abapolisi bashasha bari bazanywe ku rugo rwiwe kuko mukubazana batabanje kumugisha inama.
Mu kiganiro yagiranye n’abagenzi bacu b’ikinyamakuru IWACU kuri uyu wa gatandatu, Rwasa yagize ati :”Abapolisi bajejwe gucungera umutekano wanje bahawe itegeko ryo kuva ku muhana wanje.
Ababasubiriye bahashitse ntigeze menyeshwa kw’iryo hindurwa ry’abo bancungera umutekano. Bambwiye ko ari ibikorwa bisanzwe vyabaye vyo kuba babahinduye. Mu bijanye n’ivy’umutekano, Uwisabiye gucungerwa umutekano niwe yategerezwa kwicagurira abamucungera bamwegereye”
Uwo arongoye CNL akavuga ko atemeye abo bapolisi bashasha ko baza kumucungera:” Nsinshobora kwemera abapolisi bampaye bantegeka kandi atarije ndi inyuma y’imvo zotuma babahindura”
Ivyo bishitse mu gihe kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu ku ngoro zibiri z’umugambwe CNL ziri mu gisagara ca Bujumbura zavyutse zikikujwe n’abapolisi, ingoro ya mbere iri muri zone Ngagara ahazokwubakwa ingoro nshasha y’uwo mugambwe nayo iyindi yari yugarijwe n’igipolisi iri muri Karitiye ya Mutanga-Nord ahari icicaro gikuru c’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu. Nahone Agathon Rwasa yateye ivyatsi iyo ngendo y’ubutegetsi buhari ubu bwo kuguma bumuburabuza mu bikorwa vyiwe vya politike:” Nyimba haraho twoba twahonyanze amategeko , nibabitubwire. Birababaje kubona batubuza kwegera ingoro yacu batatubwiye imvo n’imwe yatumye batubuza kuhashika”
Recent Comments