Malawi= Ubutungane bwahagaritse ingingo ya Leta yo kurungika mw-ikambi ya Dzaleka impunzi zose ziba mu gisagara.

0

Inyuma yaho ikiringo cari catanzwe na Leta ya Malawi  ku mpunzi zose  ziba mu muji wa Lilongwe cari kigire kirangire, Ubutungane bw-ico gihugu  k-umugoroba wo kuruwu wa kabiri bwatangaje ko buhagaritse ingingo ya Leta  yo kurungika mw-ikambi  impunzi zose ziba mu bisagara.UNHCR registers over 41,000 people in congested Dzaleka Refugee Camp | United Nations in Malawi

Ubwo butungane bw-ico gihugu bumenyesha kandi ko bwisunze imvo nyishi kugira hafatwe iyo ngingo ndetse  ko habayemwo n-iyubahirizwa ry-amategeko agenga impunzi kw-isi. Iyo ngingo ishitse mu gihe  impunzi nyishi zari zamaze gusubira mw-ikambi ya Dzaleka zari zasabwe kujamwo izindi nazo zari zamaze kuva muri Malawi zihungira mu  gihugu ca Mozambique.

Ikinyamakuru co mw-ico gihugu Malawi 24 kimenyesha ko Leta yari yamaze  kurungika abapolisi mu bice bitandukanye vy-igihugu mu gushira mu ngiro iryo tegeko yari yatanze kw-izo mpunzi.

Tubamenyeshe ko impunzi ziba mu muji wa Lilongwe zigera mu bihumbi amajana zikaba nka zose zikorera urudandazwa murizo harimwo abarundi n-abanyarwanda aho bivurwa ko abanyagihugu bo mw-ico gihugu batari baraba ryiza izo mpunzi bitumwe ko bazifata nk-zifise amahera menshi zikura mw-urudandazwa zikora ninaho ngo hoba havuye iyo ngingo ya Leta  yo kuzirungika mw-ikambi ya Dzaleka kuko abo banyagihugu bari bamaze kubisaba Leta ko izo mpunzi zibatwara uburonderero bw-amafaranga ndetse hakaba hari hamaze iminsi hakorwa ibitero, n-ubusuma vyakorerwa ku banyamahanga bakora ubucuruzi mw-ico gihugu.