Ku bakenyezi canke abandi bose badafise inguvu zo gusunikana ubu biragoye kuronka bus kumugoroba.

0

Inyuma y’amezi adashika abiri hahagaritswe itozwa ry’intererano ku mashirahamwe yo gutwara ibintu n’abantu, akajagari katanguye ku ma parking yunguruza abantu yo mu gisagara ca Bujumbura.

Hari umuvyeyi w’abana 3 akongera akaba yibungeze yayagiye umunyamakuru uko vyamugendeye ku mugoroba wo kuwa 26/04/2021 igihe yagir afate bus ngo atahe avuye kwa muganga:

“Nashitse kuri parking 18h nagiye gushobora kwurira bus hafi 20h30. Ubu niho nkibona akamaro ka barya bantu badutondesha ku mirongo. Wibungenze canke uhumuye ntiwirirwa uratonda. Ariko ubu udashobora gusiganwa uricara ugatekereza ukarindira abantu bakagabanuka. Ababijejwe ni barabe igishoboka hasubire urutonde ahandiho ba magara make tumenyere gutaha inyuma y’abandi. Nkubu nategerezwa gukoresha devoir abana ariko ntivyakunze kuko nashitse mu gicugu. Nayibakoresheje mu gatondo bariko bariruka kw’ishure sinibaza ko hari n’ico batahuye”

Charles Ntirampeba asanzwe ari umunyamabanga mukuru akongera akaba n’umuvugizi wi shirahamwe Atrabu amenyesha ko vyose vyatewe n’ingingo y’umushiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibuza amashirahamwe adaharanira inyungu gutoza amahera y’intererano. Agira ati : ” Biragoye gukoresha umuntu utamuhemba. Mu bisanzwe arya mahera twatoza niyo yavamwo agashahara ka barya bantu. Kubera tutari bubahembe ubu dukora ibikorwa bibayabaye gusa ( Service minimum). Twarakivuganyeko n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati atubwira ko igihugu gifise abaporisi benshi bazoraba abaza barakora ico gikorwa twahora dukora”