UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Alexis Nsabimana, umunyagihugu yaraherutse gusohoka ibohero kubw-ikigongwe c-umukuru w-igihugu yarabuzwe irengero.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho kuru wambere mw-ibohero rikuru rya Mpimba harekuriwe abanyororo batari bake kubw-ikigongwe c-umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye, Alexis Nsabimana yari murabo barekuwe  ntiyahavuye agira amahirwe yo gusubira kugaruka mu muryango ,incuti n-abagenzi biwe bari bamwiteze kusubira kumubona.

Abaryango b-uwo yaheruka kurekurwa bamenyesha ko  uwabo baherutse ababwira ko arindiye imodokari imujana mu Kabezi aho ngo hari isaha indwi z-umurango gushika n-ubu akaba batarasubira kumenya amakuru yiwe na terefone yiwe ngendanwa ngo  kuva ico gihe irazimije,ndetse ngo baramaze kuja m-ubusho bumwe bumwe bwo mw-iperereza ariko baramubuze, bakaba batabaza .

Naho biri uko, hari amakuru yemeza ko Alexis Nsabimana  yoba yanyurjwe n-abakozi bo mw-iperereza ku mvo za politike kuko ngo kuva kera yamye ari umunywanyi w-umushingamateka Agathon Rwasa arongoye ubu umugambwe CNL. Abaryango biwe baratakambira umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye ko yobafasha uwabo ataco araba agasubira kuboneka.

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments