Mu gihe kuri uyu wa 12Myandagaro 2021yari yagiye mu ntara ya Gitega kwifadikanya n-urwaruka mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wabahariwe, Umukuru w-igihugu c-uburundi yaragarutse ku kibazo kijanye n-indero mu mashure aho yemeje ko kubona ubumenyi busubira inyuma mu mashure bitava ku banyeshure ahubwo bigirwamwo uruhara n-abigisha babo.
ˮAbigisha nibavuge bati twananiwe ntibasubire kuvuga ngo abana nibo bananiwe. Abanyeshure n-ink-igiterwa . Abigisha ni abarimyi. Nitwaba dushaka indero ko indero isubirana akanovera ni hasuzumwe abigisha. Hariho uwigeze kwigisha ngo 1+3=8. Imbuto itewe niyo imera‟
K-urundi ruhande, Perezida Varisito Ndayishimiye aravunira akagohe urwaruka ruri ku ntebe y-ishure ko rutokwiga mu ntumbero yo kuronka amanota ahubwo rugire ubumenyi buzorufasha muvyo kwiganako mu kurondera akazi.ˮ bamwe muri bo biga bashaka kuronka ingaragaza bumenyi atari impamyabushobozi, uwuhejeje ku mugoroba bukeye aba yamaze kwiyita igishomeri‟
Naho Umukuru w-igihugu c-uburundi asa nuwuta ikosa ku bigisha ko bari mu batuma ubumenyi mu mashure butituka, Amasendika y-abigisha ntahengeshanya kwerekana imvo zituma abigisha badashika kw-ihangiro baba bipfuza mu guha ubumenyi bukwiye ku barerwa babo. Aha bakavuga nk-ubukene bw-ibitabo, abigisha badakwiye, ubwinshi bw-abanyeshure mu birasi bituma bigora kubakwirikirana neza.





Recent Comments