Kenya yahambije ibihugu vyashizwe ”k’urutonde rutukura”rw’ubwongereza

0

Igihugu c’ubwongereza cashize k’urutonde rutukura igihugu ca Kenya bitumwe n’irwirirana ry’ubwoko busha bwa covid19Uhuru-Boris-III

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’igisata gikuru c’ubwongereza camenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2021 ingenzi zivuye canke zivuye muri Kenya, Philippines, Pakistan na Bangladesh zitazemererwa kwinjira k’ubutaka bw’ubwongereza.

Tubamenyeshe ko ivyo bihugu bihejeje kwiyongera kubindi bihugu 30 vyashizwe kurwo rutonde n’ubwongereza kubera irwirirana ry’umugera wa covid19.

Gushika ubu ibihugu vyo kw’isi vyari bimaze kushirwa k’urutonde rutukura n’ubwongereza birenga 30 murivyo harimwo igihugu C’uburundi.