UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ligue ITEKA ibona ko intwaro ya Perezida Ndayishimiye yica nkiy’umuhisi Petero Nkurunziza.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu ritangaza ko hishwe abantu 4040 kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 gushika muri Ndamukiza 2023 nkuko tubisanga mu cegeranyo cayo giheruka gusohoka. Ligue ITEKA ikabona ko basanze intwaro ya Perezida Varisito Ndayishimiye ataho itaniye mu kwica n’iyo yasubiriye y’umuhisi Perezida Nkurunziza.

Kubwa Ligue ITEKA, Kuva habaye imvururu za politike zo mu 2015 zitewe nuko umuhisi perezida Nkurunziza yafashe ingingo yo kwiyongera ikiringo ca gatatu “kitemewe n’amategeko kandi ibwirizwa shingiro ritemera”, harabaye ihonyangwa rikabije ry’agateka ka zina muntu harimwo ubwicanyi , kunyuruza , guhagarika abantu bidaciye mu mategeko, ihohotera rifatiye ku gitsina, n’ayandi mabi yo kuboza igufa gushika umukuru w’igihugu mushasha atorwe, ariwe Varisito Ndayishimiye.

“Ku ntwaro ya Petero Nkurunziza guhera kuri Ndamukiza 2015 gushika muri Ruheshi 2020, Ligue ITEKA yashoboye kumenya abantu 2292 bishwe, 626 batowe ari ibiziga, 564 banyurujwe canke baburwa irengero, abantu 1.027 baborejwe igufa, abantu 11.152 bahagaritswe bidakurikije amategeko , co kimwe n’abantu 263 bakorewe amabi afatiye ku gitsina” nkuko bivurwa n’ico cegeranyo cakozwe na Ligue ITEKA.

Ligue ITEKA imenyesha ko kuva umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye agiye ku butegetsi muri Ruheshi 2020, Perezida Ndayishjimiye yagumye ashikiriza amajambo meza ku vyerekeye agateka ka zina muntu n’umutekano , intwaro ibereye mu Burundi, bikaba vyatumye abarundi n’amakungu bizera intwaro yiwe.

Iryo shirahamwe risanzwe rikorera mu buhungiro rivuga ko amatohoza bagize mu bijanye n’amahoro n’umutekano hisunzwe ubuhinga bakoresha, basanze hishwe Abantu 4040 muri izo ntwaro zibiri.
“Mu gihe intwaro ya perezida Ndayishimiye itwokwongerereza inguvu kugira ngo ihagarike ubwicanyi bwibonekeza muri aya mezi 34 amaze ku butegetsi, intwaro yiwe ishobora kwica kurusha naho uravye ubona umenga hari amahoro” Niko Anschaire Nikoyagize arongoye Ligue ITEKA yavuze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments