UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

“REGIDESO ubu naho nitubwire aho ikibazo c’igitoro casubiye kwankira kuko aho bigeze turarushe” Bivurwa n’Umwe mubunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura.

Haraheze imisi havuga ikena ry’igitoro rikibandanya mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati. Ivyo bigatuma ibisata vy’ubuzima bw’igihugu bicumbagira. Bamwe mu bunguruza abantu bakoresheje imiduga ica amafaranga babona ko bariko babaho nabi bitewe n’ico kibazo c’ikena ry’igitoro. Bakanababazwa n’ukuntu ishirahamwe rya Leta ariryo REGIDESO risa niryananiwe gutorera umuti ico kibazo kandi ritahengeshanya kwizeza abarundi ko basezereye vuba ubwo bukene bw’igitoro.

Mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no mu ntara zo hagati mu gihugu, haboneka imirongo miremire cane y’imiduga imara amajoro n’imirango ku ma sitasiyo irindiriye kunywesha igitoro, itari buronke.

“Jewe ndakwije indwi yose ndi kuri sitasiyo. Hari aho twumva ngo hari ahahava haboneka igitoro tukamara amasaha turindiriye , bukira bugaca ataco tubonye. Imisi ibaye myishi ,turaremvye. Abacu dutunze babayeho nabi kandi bari bamenyereye ko dutaha tuzanye ivyo dusumye kandi tukikenura mu bikenewe mu ngo zacu”Bivurwa n’umushoferi wo mu gisagara ca Bujumbura akora akazi kwunguruza abantu akoresheje Taxi .
Arongera ko ati:”REGIDESO ubu naho nitubwire aho ikibazo c’igitoro casubiye kwankira kuko aho tugeze turarushe nukuri”
Mu gihugu hagati nahone ico kibazo c’ikena ry’igitoro kirahavurwa. Abashoferi b’imiduga ica amafaranga bemeza ko bamara imisi itatu canke irenga ku ma sitasiyo bataronse n’ima rikoroka ry’ico gitoro.
Tubamenyeshe ko haheze amezi menshi Leta y’uburundi idashobora gutorera umuti ingorane z’igitoro ziguma zisubiriza.

Abakwirikiranira hagufi ikibazo c’ubutunzi bw’uburundi babona ko ibura ry’amafaranga y’agaciro hamwe no kurekera umuntu umwe ngo yiharize isoko ryo kudandaza igitoro mu Burundi arivyo biriko bituma ico kidandazwa gikenewe na benshi kiguma kibura mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments