Abarongoye ivy’imfatakibanza ibitaro KIRA hamwe n’abagize inama nshingwabikorwa rw’ivyo bitaro baragirizwa kunyuruzwa amafaranga yababa umumiriyoni w’amadorare y’abanyamerika yatanzwe n’igihugu c’ubudagi kugira harwanywe ikiza ca Covid-19.
Amakuru aturuka mu bushikiranganji bw’ugufashanya bw’ubudagi n’ayandi makungu avuga ko mu mpera z’umwaka wa 2021 neza na neza mu kwezi kwa Munyonyo, ikigega co gufasha abanyamitahe co mu gihugu c’ubudagi cegamiye ubushikiranganji bwo gufashanya casinyiraniye amasezerano yo gufasha ibitaro KIRA HOSPITAL kurwanya ikiza ca Covid-19. Ayo mafaranga yari umumiriyoni n’ibihumbi 200 vy’amadorare y’abanyamerika akaba yategerezwa gutangwa mu bice bitatu. Igice ca mbere catanzwe mu ntango z’umwaka wa 2022. Inyuma y’amezi abiri ayo mafaranga atanguye gutangwa,Muganga Christophe Sahabo yararongoye ivyo bitaro yaciye afatwa arafungwa, ayo mahera nayo aca atangura gukoreshwa n’ubuyobozi bushasha bw’ivyo bitaro burongowe na muganga Sylvain Nzeyimana hamwe na Charles Ndagijimana arongoye ivy’imfatakibanza inama nshingabikorwa vya KIRA HOSPITAL.
Inyuma yitangwa ry’iyo mfashanyo, ubuyobozi bushasha bwa KIRA HOSPITAL buherutse gusaba ayandi madorare agera ku bihumbi 368 yarasigaye. Ariko imbere yo gutanga ico gice ca nyuma, ubudagi bwahavuye burungika mu Burundi intumwa kuraba ingene amafaranga amaze gutangwa ingene yakoreshejwe. Kuri uyu wa kabiri no kuwa gatatu, abagenduzi babiri b’ico kigo co mu budagi biriwe mu bitaro KIRA kubaza ivyerekana ingene ayo mafaranga yakoreshejwe , ivyo bita “pièces justificatives” mu rurimi rw’igifaransa, ariko ngo nta rupapuro na rumwe bashoboye kwerekwa.
Kuri uyu wa kane, Bakaba abo bagenduzi bahavuye basubira inyuma gutanga icegeranyo yuko batashoboye kwerekwa na kimwe ku bijanye n’ingene amafarana agera ibihumbi 800 vy’amadorare y’abanyamerika yakoreshejwe. Amakuru ava mu begereye ubushikiranganji bw’ugufashanya bw’ubudagi amenyesha koi co ari ikimenyetso kibi ku bigeye gukwirikira hagati y’ivyo bitaro n’abafasha uburundi mu bijanye n’amagara y’abantu.
Recent Comments