UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

CNDD-FDD yizeza abarundi ko ingorane z’igitoro zizoba zarangiye mu Burundi mu myaka itanu.

Umugambwe CNDD-FDD urizeza abarundi ko ingorane y’ibura ry’igitoro izoba yaheze mu myaka itanu. Vyangajwe kuri uyu wa mbere na Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Uwo arongoye umugambwe uri ku butegetsi akaba atanga ico cizere ku barundi afatiye ku kuntu bariko banagura igiterwa c’ikawa mu Burundi maze kikazoza kirinjiriza igihugu amafaranga mvamakungu menshi, ayo nayo akaba akenewe cane mu kurangura igitoro gikoreshwa mu gihugu.

«Twihaye imyaka itanu kugira ingorane y’igitoro ibe yamaze gutora umuti» Niko vyavuzwe na Reveriyano Ndikuriyo.
Uwo arongoye CNDD-FDD akaba yasiguye ko ingorane y’ibura ry’igitoro yavuye kw’ibura ry’amafaranga mvamakungu. Nkuko bivurwa na Reveriyano Ndikuriyo, ibura ry’ayo mafaranga ryavuye ahanini kuri politike z’ibihugu vyo hanze nk’ishirahamwe FMI aho ryasavye uburundi gushira igisata c’ikawa mu miwe y’abikorera ivyabo. Abanyagihugu babonye ko iyo kawa itakibasahiriza ngo niko guca bayiheba batangura kuyiteramwo ibitoke n’amateke n’ibindi biterwa mbumba rugo.

Mu gihe ikawa igihugu c’uburundi cimbura zingana amatoni 42.000 ku mwaka, Ndikuriyo amenyesha ko iyo uwo mwimbu uba ukingana gutyo, uburundi buba bushoboye kwigurira igitoro bukoresha ata nkomanzi n’imwe ibayemwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments