Libiya : Sentare yemeje ko umuhungu wa Kadhafi, Seith Al-islam Kadhafi yitoza mu matora y-umukuru w-igihugu.

0

Sentare y-igihugu ca Libiya yemeje kuri uyu wa kane ko Seif al-Islam Kadhafi, umuhungu wa Moamar Kadhafi ashirwa ku rutonde rw-abakandida mu matora y-umukuru w-igihugu azoba kuri uyu wa 24 Kigarama 2021.Will Saif al-Islam Gaddafi run in Libyan elections? | News | Al Jazeera

Umurwi ujejwe amatora waruheruka gusubiza inyuma kandidatire yiwe , ivuga ko amategeko agenga amatora akumira umukandida yaciriwe urubanza kuvyaha kanaka. Nikwo guca Seif Al-Islam yitura sentare yo mu gisagara ca Sebha , kiri mu bumanuko bw-igihugu. Khaled al-Zayidi, umushingwamanza aburanira Seif- Al-islam  yavuze ko kwemera kandidatire y-uwo aburanira ari intsinzi ku butungane kandi ko biboneka ko ari ubugombe bw-abanyagihugu.

Tubamenyeshe ko Seif Al-islam Kadhafi ,asanzwe afise umutahe wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ,ku vyaha imwagiriza vyo mu ntambara . Yari mu murwi w-abakandida 25 dosiye zabo zanswe n-umurwi  wigenga utegura amatora, hari mu ndwi iheze.