UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Haravurwa ihungabana ry-ibikorwa bijanye n-ihayanishwa ku ruhande rw-uburundi ririko ribera i Dubaï .

Ihungabana n-iryo rirangwa  mu ibikorwa bijanye  n-ihayanishwa mu kibanza cagenewe uburundi ririko ribera i Dubaï, mu gihugu ca Emirats Arabes-Unis. Abanyakaranga barungitse ibihayanishwa  vyari kuba vyashitseyo kuwa 1 Gitugutu 2021 n-uno musi bararindiye amaso ahera mu nzira. Umwe ari mw-ayo mahayanishwa amenyesha ko batanguye kwihebura  ko uruhombo bazohagirira batazoruva imbere.Expo 2020 Dubai on Twitter: "Today we are excited to celebrate Burundi 🙌  Don't miss out on the celebration, and join us today at Burundi Pavilion,  or watch it live on Virtual

Amakuru adushikira ava i Dubaï, atumenyesha  ko ibibanza vyagenewe  ihayanishwa ry-ibivuye i Burundi ibitari bike bigaragara kuko abarungitse ivyo bihayanishwa  barindiriye ko bishika amaso agahera mu nzira. Umwe mw-ayo mahayanishwa arabivuga ukwo vyifashe:«Ihayanishwa rizomara amezi atandatu, ubu naho hakaba hamaze guhera amezi atatu ata kintu na kimwe kiragurishwa. Vyose biraho birugaranywe. Ngo vyugaranywe kugira ntibidedwane, munyumvire iryo bara! Twararindiye ko tudandaza turahebura»

Abo barindiriye ivyabo bije kudandazwa mw-iryo hayanishwa bamenyesha ko babirungitse muri kontenere  irihwa n-abateguye iryo hayanishwa , ari nabo babanza gusuzuma yuko  ivyo bemereye kwinjira arivyo vyaje mw-iyo kontenere koko.  Uwitwa Patrick Nkurunziza ariwe jisho ry-igihugu c-uburundi mw-iryo hayanishwa , yoba yashizemwo  ivyo abo bariteguye  batemeje  bica bituma badashoka bemera ko vyinjira . Abo barungitse ivyabo bari mu mwiheburo udasanzwe, ngo niyo bahamagaye Patrick Nkurunziza ngo ntabitaba , bagaca babura ayo bacira n-ayo bamira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments