Ihungabana n-iryo rirangwa mu ibikorwa bijanye n-ihayanishwa mu kibanza cagenewe uburundi ririko ribera i Dubaï, mu gihugu ca Emirats Arabes-Unis. Abanyakaranga barungitse ibihayanishwa vyari kuba vyashitseyo kuwa 1 Gitugutu 2021 n-uno musi bararindiye amaso ahera mu nzira. Umwe ari mw-ayo mahayanishwa amenyesha ko batanguye kwihebura ko uruhombo bazohagirira batazoruva imbere.
Amakuru adushikira ava i Dubaï, atumenyesha ko ibibanza vyagenewe ihayanishwa ry-ibivuye i Burundi ibitari bike bigaragara kuko abarungitse ivyo bihayanishwa barindiriye ko bishika amaso agahera mu nzira. Umwe mw-ayo mahayanishwa arabivuga ukwo vyifashe:«Ihayanishwa rizomara amezi atandatu, ubu naho hakaba hamaze guhera amezi atatu ata kintu na kimwe kiragurishwa. Vyose biraho birugaranywe. Ngo vyugaranywe kugira ntibidedwane, munyumvire iryo bara! Twararindiye ko tudandaza turahebura»
Abo barindiriye ivyabo bije kudandazwa mw-iryo hayanishwa bamenyesha ko babirungitse muri kontenere irihwa n-abateguye iryo hayanishwa , ari nabo babanza gusuzuma yuko ivyo bemereye kwinjira arivyo vyaje mw-iyo kontenere koko. Uwitwa Patrick Nkurunziza ariwe jisho ry-igihugu c-uburundi mw-iryo hayanishwa , yoba yashizemwo ivyo abo bariteguye batemeje bica bituma badashoka bemera ko vyinjira . Abo barungitse ivyabo bari mu mwiheburo udasanzwe, ngo niyo bahamagaye Patrick Nkurunziza ngo ntabitaba , bagaca babura ayo bacira n-ayo bamira.
Recent Comments