Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD waraye utanguje kuri uyu wa kabiri indwi yahariwe umurwanyi. Ni umusi wahariwe kwibuka abapfiriye ku rugamba rw-umuhari CNDD-FDD ukiri mw-ishamba.
Mw-ijambo ryiwe, Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Réverien NDIKURIYO yamenyesheje ko abantu badafise ico barwanira mugukinisha inkoho bazohona. Yabivuze uku : ˮugiye mu ntambara utagira ico urwanira , urahona . Ntibaze baravuga ngo twavuze ko tuzobamara, bazohera kuko ntaco bazoba bariko bararwanira‟
Uwo arongoye umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w-2005 ahamagarira abarundi kuvavanura n-amacakubiri aho yemanga ko abatari bake mu barwanyi b-uwo mugambwe bishwe n-abagenzi babo bitewe n-amacakubiri.
Tubamenyeshe ko igenekerezo rya 16 Munyonyo yama itangurirako indwi yahariwe umurwanyi muri CNDD-FDD , niyo yasinyiweko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Leta y-uburundi n-uwo mugambwe ukiri umuhari urwanira mw-ishamba. Hari mu mwaka w-2003.





Recent Comments