Abasirikare b’uburundi bashobora kurungikwa mu nteko zo kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Sudani kimazemwo imisi umudugararo.
Amakuru adushikira ava mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, nuko igisata c’amahoro n’umutekano mw’uwo muryango kimaze imisi kiriko gikora ibiganiro bigamije kuraba ingene ibikorwa vyo gutabara abasivire batari mw’iyo ntambara vyogenda hamwe rero n’ingene ibindi bikorwa vy’ubutubazi bwihuta vyokorwa bigashikira abanyagihugu. Irindi hangiro nyamukuru ry’izo nteko akaba ari ugucungera ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Karthoum kugira ibikorwa vy’ubutabazi bikunde.
Ibihugu vy’uburundi na Etiyopiya nivyo vyonyene bimaze kwemera ko bishobora kurungika izo nteko muri ico gikorwa. Abasirikare bakenewe mu mwanya wa mbere bakaba ari hafi 2000.