Thursday, June 8, 2023
HomeUmutekanoAbasirikare b’uburundi bashobora kurungikwa mu nteko zo kuja kugarukana amahoro n’umutekano mu...

Abasirikare b’uburundi bashobora kurungikwa mu nteko zo kuja kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Sudani.

Abasirikare b’uburundi bashobora kurungikwa mu nteko zo kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Sudani kimazemwo imisi umudugararo.

Amakuru adushikira ava mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, nuko igisata c’amahoro n’umutekano mw’uwo muryango kimaze imisi kiriko gikora ibiganiro bigamije kuraba ingene ibikorwa vyo gutabara abasivire batari mw’iyo ntambara vyogenda hamwe rero n’ingene ibindi bikorwa vy’ubutubazi bwihuta vyokorwa bigashikira abanyagihugu. Irindi hangiro nyamukuru ry’izo nteko akaba ari ugucungera ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Karthoum kugira ibikorwa vy’ubutabazi bikunde.

Ibihugu vy’uburundi na Etiyopiya nivyo vyonyene bimaze kwemera ko bishobora kurungika izo nteko muri ico gikorwa. Abasirikare bakenewe mu mwanya wa mbere bakaba ari hafi 2000.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...