UBM News ads

Leta zunze ubumwe za Amerika iraburira abanyagihugu bayo kubangira gufata ingendo muri Uganda.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta zunze ubumwe za Amerika iragabisha abanyagihugu bayo bipfuza kugendera igihugu ca Uganda kuba barabangiriye kujayo. Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu mw’itangazo ryabwo bwashize ahabona kuri uyu wa kabiri, bwamenyesheje ko abanyagihugu batandukanye muri Uganda bashobora kugabwako ibitero vy’iterabwoba , bagakorerwa n’ayandi mabi , bakongera bakazira itegeko rihana abaryamana basangiye ibitsina.
Mw’iryo tangazo, Amerika ivuga ko itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye riheruka kwemezwa muri Uganda rigiye gutuma haba abantu bahanishwa umunyororo wo guherayo n’igihano co kunyongwa.

Umushikiranganji wo guhanahana amakuru muri Uganda, Chris Baryomunsi , yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafarasa AFP, ko Amerika ibwirizwa gutahura ko Uganda ari igihugu cigenga , gifata ingingo zibereye abanyagihugu baco, kitarinze kugendera ku mategeko n’igitsure c’amakungu.

Chris Baryomunsi yabwiye AFP ati “Barafise uburenganzira bwo kuburira abanyagihugu babo bababuza kudakora ingendo muri Uganda, ariko ivyo gukangisha iki canke kiriya , nta kibanza bigifise kuri ino si”.

Tubamenyeshe ko Perezida Yoweli Museveni wa Uganda yateye igikumu kw’itegeko rihana abahuza abakundanye bahuza ibitsina igenekerezo rya 29 Rusama 2023. Iryo tegeko riri mu mategeko akaze gusumba ayandi kw’isi, aho ritegekanya ibihano biremereye birimwo ivy’ukunyongwa hamwe no gupfungwa ubuzima bwose ku bahuza ibitsina babisangiye canke abashigikiye abakundana n’abo bahuje ibitsina.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments