UBM News ads

Ihuriro ry’amashengero ya Anglikane GAFCON ryibutsa Musenyeri Justin Welby w’i Canterbury ko Afrika itakiri mu bukoloni bw’abongereza.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’ihuriro ry’amashengero ya Anglikane kw’isi GAFCON yatangaje kuri uyu wa gatatu ko ihuriro arongoye ryikuye ku buyobozi bwa Anglikane bw’I Canterbury mu Bwongereza busanzwe bufatwa nk’ubuhagarariye amashengero ya Anglikane kw’isi. GAFCON ivuga ko yafashe iyo ngingo kubera yababajwe n’uko umukuru w’I Canterbury Justin Welby mu majambo yiwe ababazwa n’ibibazo bidafise ikimazi aho kubabazwa n’ibibazo bihanze ishengero yatorewe kurongora.

Iyo ngingo ya GAFCON yafashwe inyuma yaho Musenyeri Justin Welby yiyamirije itegeko riheruka gutorwa n’inama nshingamateka ya Uganda rihana abaryamana basangiye ibitsina. Musenyeri mukuru wa GAFCON , Laurent Mbanda yibukije Musenyeri w’I Canterbury mu Bwongereza ko Afrika atabwo ikiri ubukoloni bw’igihugu c’ubwongereza ko kandi ishengero rya Anglikane kw’isi atabwo rifise uburenganzira na bumwe ku ntara z’iryo shengero ziri ku mugabane wa Afrika.

“Turashigikiranye cane kuvyo twiyemeje ku bijanye n’ivyo igitabo ca Bibiliya kivuga hamwe n’ukubijanye n’agakiza k’umukristo. Tuzoguma duhagaze ku mpande z’abakiristo ndetse tunarwanire igeragezwa ryo gusenyura ukwemera kwacu”Niko iryo tangazo rivuga.

Tubamenyeshe ko ubuheruka vuba GAFCON yatangaje ko itakicemera uburongozi bwa musenyeri Justin Welby nk’uwuserukira ishengero rya Anglikane kw’isi canke umuvugizi w’ivyo shengero. GAFCON ikavuga ko Musenyeri Welby yamaze guta ububasha n’ubutwari bwo gufata ingingo canke guhanura ayandi mashengero ya Anglikane kw’isi afise ibice 85%vy’abakirisu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments