UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amande agiye gutangishwa kubadakora isuku mu gisagara ca Bujumbura-Jimmy Hatungimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yo gutungwa urutoki n’umukuru w’igihugu ko atitaho isuku,umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana amenyesha abanyagisagara ca Bujumbura ko bagiye gutangishwa ihadabu ku bantu badakora isuku na ba bamwe bapfa gukandagira amashurwe ntibace mu nzira izwi.Ibi yabivugiye mu bikorwa rusangi vyabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu.

Jimmy Hatungimana agira ati:«twagire duhamagarire rero abenegihugu ataco binona uno musi babonye amashurwe bayacako,babonye ahateguwe inzira ntibahaca kandi ariho hari inzira rero duhamagarire abo benegihugu bamenye ko hari umurongo utukura.Tugomba dutangure guca amande duhereye ku wa mbere .uyu musi kwari kubamenyesha kugira mwese mubone ikizira ico dukwiye gukwirikiza rya suku rikomere mugisagara ca Bujumbura.rero muntu wumvise ubu butumwa ukigira sindabibazwa isuku tuzoza kuryikorera hama tuguhe ikitansi urihe amande».

Igihe bari mu nama Rukokoma yiga kubibazo vy’ingenzi ku wa kabiri uheze muri hoteli club du lac Tanganyika,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaratunze urutoki cane umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko ataco ari gukora kugira igisagara kibemwo isuku aho mbere Prezida yivugiye ko azopfuma aza wenyene kwikorera isuku kuko abandi vyarabananiye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments