UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Inyuma ya Malawi na Kenya, Israël iriko ishaka abandi bakozi bo mu mirima bavuye mu bihugu vya Uganda na Tanzaniya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho ibihugu vya Malawi na Kenya birungikiye urwaruka rushomereye kuja gukora mu mirima yo mu gihugu ca Israel, Ico gihugu kimenyesha ko kiriko gishaka abandi bakozi bavuye mu bihugu vya Uganda na Tanzaniya. Ico gihugu kibikoze mu ntumbero yo guhangana n’ubukene bw’abakozi buri mw’ico gisata c’uburimyi kuva hadutse intambara hagati y’ico gihugu n’umuhari Hamas.

Kuva aho Isirayeli itangurije intambara mu karere ka Gaza n’umuhari Hamas, igahamagaza abanyagihugu bayo kuja ku rugamba, Malawi ntiyabaye igihugu ca mbere cikozweko na Isirayeli ngo kije gufasha mu bibazo vy’ubukene bw’abakozi bo mu mirima, n’igihugu ca Kenya cahavuye kirungika abanyagihugu baco bagera ku 1500 mu kwezi kwa kigarama 2023. Isirayeli ikaba yatangaje ko ibikorwa vyo gushaka abandi bakozi bavuye mu bihugu vya Uganda na Tanzaniya.

Kuba Isirayeli yafashe uwo mwanzuro wo guhiga abakozi mu bihugu vya Afrika nka Malawi, Kenya, Tanzaniya na Uganda, ni inyuma yaho abakozi barenga 10.000 bo mu gihugu ca Thailande baviriye mw’ico gihugu bitewe n’intambara yadutse ihuza isirayeli n’umuhari Hamas hamwe rero n’uko Isirayeli ifatiye ingingo yo kwirukana abakozi bakomoka muri Palestine.

Nkuko tubisanga ku rubuga rw’iradiyo Ijwi rya Amerika, Uwuserukira Isirayeli muri Malawi, Michael Lotem aheruka kubwira ikinyamakuru co muri Malawi ko kurungika urwaruka gukorera muri Isirayeli ari inyungu z’ivyo bihugu vyompi. Ariko gushika mu mpera z’umwaka wa 2023 amasezerano y’ubwumvikane ntiyari bwashirweko umukono nk’uko vyari vyatangajwe na Moses Kunkuyu, umuvugizi wa Leta ya Malawi. Gusa, Leta yizeza ko biciye muri uwo mugambi wo guhanahana abakozi, igihugu ca Malawi kizoharonkera amafaranga y’agaciro mu gihe urwaruka rworonka akazi hanze ya Malawi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments