UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi yoba igiye yaronka insiguro zifashe igituma iriko yifadikanya na Congo mu kurwanya M23 ?

Haraciye imisi ingabo z’uburundi zagirijwe n’umuhari M23 umaze igihe urwanya Leta ya Congo ko ziriko zifadikanya n’igisirikare ca Leta ya Congo mu kubarwaniriza hamwe. Kuva aho M23 yerekaniye ku mugaragaro abasirikare b’uburundi yafatiye ku rugamba, Igisirikare c’uburundi cagumye mu gacerere aho benshi bari barindiriye ko cokwemeza canke kikabeshuza ivyo vyatangajwe na M23. Ikinyamakuru IKIRIHO cegereye cane ubutegetsi bw’uburundi co catangaje ko Umuhari M23 mu mirwano urimwo mu ntara ya Kivu y’uburaruko uriko ukoresha abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’urwanda bahunze mu mwaka wa 2015 . Ivyo bamwe n’abandi bahaye babona ko Leta y’uburundi yoba igiye yaronka insiguro zifashe igituma iriko yifadikanya na Leta ya Congo mu kurwaniriza hamwe umuhari M23.

Kibicishije ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Ikinyamakuru IKIRIHO cegereye cane ubutegetsi bw’uburundi catangaje kuri uyu wa kabiri ko gifise amakuru yuko umuhari M23 ukoresha mu mirwano impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mahama iri mu gihugu kibanyi c’urwanda. IKIRIHO cagize giti :«iyinjiza mu vyagisirikare impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mahama: ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR ryoba naryone ryashimye kuguma mu gacerere kw’ico kibazo? Benewacu bariko bashirwa ku risongoye na M23 mu ntara ya Kivu ya ruguru, …»

IKIRIHO kirongera kikamenyesha ko abafasha kwinjiza impunzi z’abarundi mu gisirikare ca M23 ari bamwe mu basirikare batorotse igisoda c’uburundi mu 2015 baca bahungira mw’ikambi ya Mahama:« Ukwo kwinjiza impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda muri M23 bifashwa n’abasirikare batorotse igisoda c’uburundi bagiyeyo mu mwaka wa 2015. Nabone bariko bapfira ubusa mw’iyo ntambara itigeze iba iyabo. Akarorero ni urupfu rw’ejo rwa Capitaine Gafaranga yiciwe i Bambiro muri Masisi» Niko Ico kinyamakuru cegereye ubutegetsi bw’uburundi cabandanije candika.

Kuba IKIRIHO catangaje ivyo, Bamwe n’abandi babona ko kwabaye uguserura iciyumviro kwa Leta y’uburundi mu kwerekana aho ihagaze mu bimaze imisi biyivugwako ko iriko ikorana n’igisirikare ca Congo mu kurwanya umuhari M23. «Kuba Kirya kinyamakuru c’ubutegetsi cavuze impunzi z’i Mahama hamwe n’abasirikare bagitorotse mu 2015, Leta y’uburundi igiye guca ironka icitwazo mu ntambara irimwo na M23 ko iriko irwana n’abarundi bagize uruhara mw’igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi bwo kuwa 13 Rusama 2015 ubu bariko bashaka kuza gutera uburundi bafashanije na M23. Ico cagiriji honyene kizoba gikwiye» Niko umwe mu barundi aba mu gihugu c’ububirigi twavuganye asigura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments