UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Kayanza (Gatara): Abanyeshure bashika kuri 90 barwaye indwara y’amasambambwika.

Indwara y’amasambambwika irabandanya kwibonekeza mu mashure shingiro y’i karambi, Gatara ya mbere n’iya kabiri ni muri komine ya Gatara, mu ntara ya Kayanza. Amakuru ava mw’ako karere yemeza ko muri kino gihe abanyeshure bashika kuri 90 bamaze gufatwa n’iyo ndwara .

Abafatwa n’iyo ndwara bavuga ko bafatwa bashuha, bakanavyimba itama amaja musi y’amatwi. Umuyobozi arongoye ishure rya Karimbi akaba yaciye afata ingingo ko bamwe mu banyeshure bari barwaye iyo ndwara barungikwa muhira kugira ntibabandanye kwanduza abandi.

Abaganga bize ivy’indwara zandukira bamenyesha ko iyo ndwara ikomeye ndetse yandukira cane kandi ishobora gukwega n’izindi ndwara ku wayanduye. Aha bakavuga ko amasambambwika ashobora gutera indwara ya Mugiga canke indwara zo mu bwonko canke indwara zo mu bice vy’irondoka haba ku bagabo canke ku bagore. Ikindi ngo ni indwara ikunze no gutera ukutumva kenshi mu bana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments