Ibanki nkuru ya Republika y′uburundi yafashe ingingo yo gusubira kurekurira amazu yo kuvunjirizamwo amafaranga y′agaciro atari amarundi agakora.Umukuru w′ibanki BRB yasiguye kuri uyu wa gatanu ko ari mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bw′igihugu.
Ingingo ihagarika kuvunja amafaranga y′agaciro mu Burundi mu mazu yabigenewe yarimaze imyaka ibiri. Kuri uyu wa gatanu , umuyobozi mukuru wa BRB yatangaje ko iyo ngingo co kimwe n′izindi zafashwe ziyiherekeza zasubije inyuma ubutunzi bw′igihugu muri rusangi.
Kuva mu mwaka wa 2020, Abakora akazi ko kuvunja amafaranga y-agaciro bahorera bakorera mu kinyegero kuko ubwo bubasha bwari bwahawe amabanki azwi gusa. Ubu kuri bo akamwemwe ni kose kuko basubiye gukorera ku mugaragaro.
Bamwe mu bize ivy′ubutunzi babona ko iyo ngingo yafashwe na BRB igiye gutuma n′amafaranga y´agaciro nk-amadorari yiyongera mu gihugu , naho impinga ikiri ndende kuri ico kibazo.
Recent Comments