UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR .

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw’ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c’uburundi hamwe n’umuhari w’abanyarwanda wa FDLR. Izo ntambara zikaba zigire zimare indwi zibiri muri iryo shamba aho Abasrikare b’uburundi bavuga ko batujije uwo murwi ndetse bakanawukura mu birindiro birenga bitanu wari warashinze muri ico kibira mu gice cegereye urubibe rw’urwanda mu ntara ya Cibitoke.

Abo basirikare umwe yishwe uwundi arakomereka nabo mw’ikambi ya 221 irongowe na Lieutenat-Colonel Niyondavyi. Amakuru atangwa n’abasirikare bo mw’iyo kambi amenyesha ko abo basirikare umwe yishwe uwundi agakomereka baguye mu ntambara bamazemwo hafi indwi zibiri hamwe n’umuhari FDRL usanzwe ugizwe ahanini n’abanyarwanda bagize ihonyabwoko ry’abatutsi mu gihugu c’urwanda mu mwaka w’1994. Abasirikare bo muri batayo 221 hamwe n’abo muri batayo ya 412 bakaba bamaze hafi indwi zibiri bariko baratuza uwo murwi .

Ayo makuru abandanya avuga abo barwanyi batujijwe ahitwa KU NTEBE Y’UMUGISHA,n’ahitwa KARANDURA ahari ibirindiro bishika bitanu . Mw’ico gikorwa co kubatuza, abarwanyi batari bake boba barahasize ubuzima hamwe n’inkoho zirenga cumi zabo zafashwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments