Friday, December 2, 2022
HomeNewsIntumwa idasanzwe ya ONU iraba ivy'agateka ka zina muntu mu Burundi yongewe...

Intumwa idasanzwe ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi yongewe ikiringo.

Inama nkuru ya ONU mu gisata cayo kiraba ivy’agateka ka zina muntu yaraye yongeye ikiringo intumwa idasanze ikwirikirana ico gisata mu Burundi umunya Burkina Faso Fortuné Gaetan Zongo. Ingingo imwongera ikindi kiringo ikaba yemejwe n-ibihugu 22, 13 birayihakana nayo ibihugu 12 ntaco vyayivuzeko.

Ibihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika ntaco vyashimye kugira ico bivuze kw’iyo ngingo , ibiza gusigura ko iyo ngingo vyemeye ko irengana kuko vyerekanye ko inzira yo kubuza iyo ngingo ari ukuduza amajwi ya “Oya”. Iyo ntumwa ikaguma ibandanya isaba abarongoye uburundi ko bomuha akaryo ko kubonana nawe bakamuha uburenganzira bwo kuja gukorera mu Burundi kugira basenyere ku mugozi umwe muguharanira agateka ka zina muntu no gutorera umuti urama hamwe ku ngorane zihanze uburundi na cane cane mu gisata c’agateka ka zina muntu akoranye n’abategetsi n’inzego zitandukanye z’uburundi, Ariko Leta y’uburundi yarahakanye irarengwa ko itamukeneye na gato kuko mu gihugu c’uburundi habonetse intambwe mu bijanye n’ivy’agateka ka zina muntu.

Mu nama ya bose ya ONU igira ya 77 iheruka kubera i New york ku cicaro gikuru c’iryo shirahamwe, Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye akaba yari yasavye iryo shirahamwe ko uburundi bo bukurako iyo ntumwa ya ONU kuko we yemeza ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...