UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi yahagaritse vyo kuja muri serbiya kubarundi badafise VISA.

Leta y’uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yaraye itangaje kuri uyu w’imana ko ihagaritse ivyo kuja mu gihugu ca Serbiya kubarundi bafise pasiporo zisanzwe batagira VISA. Ubwo bushikiranganji bukaba bumenyesha ko ata murundi numwe afise iyo pasiporo azokwemererwa agiye muri serbiya aciye ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye canke mu bihugu bihana urubibe n’uburundi.

Ivyo bishitse mu gihe Ukwinjira kw’abarundi ku butaka bw’igihugu ca Serbiya ataruhusha rwokinjira mw’ico gihugu bita Visa vyahagaritswe n’ico gihugu. Kiretse abafise impapuro z’inzira z’abanyacubahiro bita ‘passport diplomatique’ canke iz’akazi bita ‘passport de service’ nibo bonyene bemerewe kwinjira muri serbiya ata VISA barinze gusabwa.
Ubwo bushikiranganji bukaba bubitangaje inyuma yahoo hari abarundi batari bake basubirijwe inyuma bariko bagana muri serbiya kubera ko badafise urwo ruhusha rwa Visa kandi kare batahora babanza kurwakwa.

Tubamenyeshe ko kuva aho Leta y’uburundi hamwe n’igihugu ca Serbiya bitereye umukono ku masezerano yemerera umurundi wese yipfuza kuja muri serbiya ata VISA azosabwa hari mu mwaka wa 2019, Umurindi munini w’abarundi wariyongereye cane mw’iy’imisi baja mw’ico gihugu berekeza mwa bimwe mu bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa burayi . Igihugu c’ububirigi kikaba arico ca mbere kiriko cakira abarundi benshi aho ico gihugu kimenyesha ko abarundin basaba ubuhungiro iki gihe birwije n’incuro umunani.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments