UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi niyo izobazwa ivyoshikira Agathon Rwasa-Aimé Magera

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye umugambwe CNL kumugabane wa Bulayi Aimé Magera amenyesha ko umutekano wa Rwasa Agathon utifashe neza ko hoba hariho umugambi wo kumugandagura,akagabisha abategetsi b’uburundi ko hamwe bosesa amaraso ya Rwasa Agathon azobahumira n’inzego barongoye.ibi abivuye mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse amwandikiye ubutumwa amwagiriza ko hari aba CNL baguma babaza aho aba n’imodoka akunda kugenderamwo.


Aimé Magera agira ati:«Nivyo ivyo ndavyemeza ndabifitiye n’ivyemezo ko umutekano w’umukuru w’umugambwe CNL utifashe neza bitewe n’ubutegetsi bw’uburundi bugomba kumugirira nabi aha twovuga nk’ubutumwa yandikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse ku buryo bwa watsap amubwira ko hariho abantu ba cnl bariko barabaza aho Martin aba n’imodoka akunda kugiramwo urumva ko ari ibintu biteye isoni ku muntu vyitwa ko ari umutegetsi ajejwe umutekano w’abantu.rero kwandikira Agathon Rwasa mu gihe yaheruka kumwaka umugambwe akoresheje inguvu n’amayeri hamwe n’abantu babagurano birerekana ko bashaka kumugandagura kandi amakuru n’ivyemezo bikwiye birahari,turagabisha igihugu c’uburundi cane cane abakirongoye yuko ayo maraso bakaramuka bayakoze azobagira n’inzego zabo.»

Agathon Rwasa yaheruka gukurwa kuburongozi bw’umugambwe CNL k’uburongozi asubirizwa na Nestor Girukwishaka hari mw’ikoraniro ryabereye I Ngozi ritunganijwe n’akarwi k’abashingamateka 10 kari gaharariwe na Marie Imaculée Ntacobakimvuna bose bava mu mugambwe CNL.Naho bamukuye k’uburongozi bw’umugambwe CNL,Agathon Rwasa abandanya avuga ko ariwe arongoye umugambwe CNL kuko yakuwe n’abatabifitiye uburenganzira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments