UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Evariste Ndayishimiye ntiyavugishije ukuri mw’irungikwa ry’abasoda muri Kongo-Paul Kagame

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame avuga ko Evariste Ndayishimiye yamubeshe mu kurungika abandi basirikare b’uburundi muri Congo ntamubwize ukuri mu gihe Paul Kagame yamuterefonye amubwira ko bishobora kubangamira umutekano w’urwanda no mukarere,kubwiwe naho Ndayishimiye yabihakanye u Rwanda rwari rufise amakuru ko ingabo z’uburundi ziri kwinjira muri Kongo.Ibi paul Kagame yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru wa Jeune Afrique.


Mu gihe yabazwa n’umumenyeshamakuru kuvyerekeye umubano w’u Rwanda n’uburundi,Paul Kagame yagize ati:«Igihe twamenya ko uburundi bugire burungike abasirikare muri kongo,naraterefonye prezida Evariste Ndayishimiye ndamubwira ko bishobora kubangamira umutekano wacu mugihe boja kwifatanya n’interahamwe za FDLR ku mupaka wacu.Ndayishimiye yarandahiye ko Atari vyo,ndavuga nti ni sawa ko nihenze.haheze amayinga abiri mwarabonye ko yampenze .turacafise ubutegetsi bwubakiye k’ubwoko nico gihuje ubutegetsi bwa Ndayishimiye,Tshisekedi na FDLR.»

Umubano w’urwanda n’uburundi warasubiye gutosekara muri uyu mwaka mu gihe ubutegetsi bw’uburundi bwagirije urwanda kuba buri inyuma y’ibitero kimwecabaye mu mwaka uheze muri zone ya gatumba ikindi kiba muri uyu mwaka I buringa.muri ivyo bitero vyose umuhari Red Tabara wagiye uvyiyemerera ko ariwe wabikoze ariko ugahakana ko atabanyagihugu wishe.

Leta y’uburundi yagiye yagiriza urwanda gushigikira umuhari red tabara uhungabanya umutekano w’uburundi,urwanda narwo rukagiriza Leta y’uburundi gukorana n’interahamwe zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka wa1994.Leta y’uburundi ikaba yahisemwo gupfunga imipaka bihana n’urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments