UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi baratunze s’abakene banafise n’igihugu ciza cane kimera-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko abarundi batunze kandi bafise n’igihugu ciza cane kimera,kubwiwe asaba abarundi kwikuramwo ivyiyumviro vyuko ari abakene hama bakizera Imana kuko ariyo yaremye vyose.ibi yabivugiye mu masengesho yatunganijwe n’inama nshingamateka na Nkenguzamateka ejo ku wa 26 ntwarante 2024 ku ncuro igira 15.

Ayo masengesho yari arongowe na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi ku civugo kugira kiti:«Umwe wese azokwimbura ivyo azoba yarabivye.»

Umukuru w’igihugu afata ijambo yahamagariye abarundi bose guhaguruka icarimwe bagakora bakarwanya ubunebwe umwansi w’iterambere kugira bazoshike kuri yam bona kazoza ya 2040-2060 kubwiwe iyo mbona kazoza ni iyo abarundi bose si iyo umukuru w’igihugu wenyene.

Evariste Ndayishimiye yarasavye abarundi bose kwizera Imana.yagize ati:«abarundi turatunze ntidukenye,abarundi bikuremwo ivyiyumviro vyuko bakenye kandi bafise igihugu ciza cane kimera ahubwo bizere Imana kuko ariyo yaremye vyose.»

Umukuru w’igihugu yarangije asaba abarundi guhindura ingendo bagakoresha ubwenge Imana yabahaye bagatunganya imigambi iteza imbere igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments