Leta y’Uburundi Ivuga Ko Amahera Leta Izokoresha mu Mwaka Uza atazova mu mfashanyo.

0

Mu gihe ubukene bwugarije abanyagihugu, Leta y’Uburundi yoyo ibandanya iremesha abanyagihugu ko ubutunzi bwifashe neza mu gihugu,ariko ivyo bimenyekana iyo uyaze nabanyagihugu.None amafaranga leta ikoresha ku mwaka uza wa 2018 azoboneka ibice 100% ava mu banyagihugu bakenye?

Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo,amenyesha ko mu mwaka wa 2018 amafaranga
leta izokoresha azoba ari 100% ava mu Burundi ata kuzera inze.Ku mafaranga yaregekanijwe gukoreshwa uyu mwaka wa 2017, ibice 70% ava mu banyagihugu,hama ibice 30% biracava mu makungu.

Uko biboneka kwokwo OBR igiye kuzokora akazi cane kugira amafaranga arenga imiliyaridi 1500 ave mu banyagihugu kugira ngo Leta ishobore guhemba ba banyagihugu nyene.

Umushikiranganji yamenyeshehe ko hariko harategurwa uburyo bwo kuzokwegeranya amafaranga mu banyagihugu kugira ngo Leta izobashe gushobora gutunganya ibikorwa vyayo.

Ivyo biri uko mu gihe ubukene bw’amafaranga y’agaciro bugisibije mu Burundi ku buryo ubu idolari rimwe ry’abanyamerika risigaye rigurwa amafaranga y’amarundi 2900 canke 3000!Bitandukanye cane n’imbere yuko amagune atangura mu 2015 aho iryo dolari rimwe ry’abanyamerika ryagurwa 2000 FBu.