UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Bamwe mu barundi bahungiye mu bihugu vya buraya bari mu bwoba bwinshi inyuma y’impfu zidasiguritse z’abagenzi babo.

Bamwe mu barundi baba mu bihugu vya buraya na cane cane abahunze, barahagaritse umutima n’iyicwa canke impfu za bene wabo zidasiguritse cane cane abatuye mu bihugu vyo mu bubirigi no mu Buholande. Abo barundi kandi batewe ubwoba n’amakuru bagenda bahabwa ko hari amashano boba bararungikiwe n’ubutegetsi bw’uburundi kugira bubagandagurire iyo bahungiye.

Urupfu rwa vuba ni urwahitanye umurundikazi Rose Ndayishimiye yaraba mu gihugu c’ububiligi mu gisagara ca Charleroi rwabaye ku musi wa kabiri w’iyi ndwi turiko tusozera. Abazi Rose Ndayishimiye bavuga ko yaheruka gusangayo umugabo wiwe yahungiye muri ico gihugu avuye mu Burundi . Mw’itangazo igipolisi c’ububiligi casiguye ko catoye ikiziga ciwe mu nzu y’uwundi muryango w’abarundi babana hafi.

Ikinyamakuru candikira mu bubiligi La nouvelle gazette kivuga ko Rose Ndayishimiye w’imyaka 48 yari yagiye gufasha udukorwa two muhira uwundi mukenyezi mugenzi weyaheruka kwibaruka , ubona ko bari bazinanyi kuva mu Burundi. Igipolisi co mu Bubiligi catangaje ko casanze ikiziga ca nyakwigendera kiri musi y’igitanda mu cumba c’abana bo mw’urwo rugo yari yagiye kuramukanya.

Iradiyo Ijwi rya Amerika ryandika rimenyesha ko Ivyo vy’urwo rupfu rw’umurundikazi vyateye icuka kibi mu barundi baba muri ico gihugu ndetse n’abandi baba mu bihugu vya buraya . Mu kwezi kwa Myandagaro 2023, hari uyundi murundi yapfuye mu buryo budasiguritse muri ico gihugu inyuma y’ukwezi kumwe hapfa uyundi mu gihugu c’ubuholande. Uwo wanyuma, abaganga bemeje ko ibipimo vyerekanye ko mu nda yiwe hari hasa nahaturiwe n’ubumara .

Bamwe mu barundi baba mu bubiligi bavuga ko bagiye kwigengesera aho bagendera n’abo bagendana . Umumenyeshakuru Josephine Jones Nkunzima, umwe muri bo yabwiye Ijwi rya Amerika atya :«Tugendera ahantu henshi , tugendana na bantu benshi , kwicarana, abantu baraja mu mamanza , ivyo vyose tujamwo ni risque kubera ntuba uzi umuntu murikumwe . Hama ngaha I buraya , ni hahandi ushobora no guhura umuntu muhuye rimwe ubwa kabiri ugiye kumuramutsa kubera uba kure ukagenda ukanarara, umuntu agashobora kwicirwa aho yagiye kurara, umuntu ashobora kwicirwa aho yagiye kwicarana n’abandi kandi yaragiye kuryoherwa. Ubu ni ukwicungera! Abo bagendana umuntu akaraba aho aza umuntu ico anyway, ico afungura, urumva ntitwijajare»

Abo barundi bavuga ko bagiye kwinubana kwinshi , ivyo bikunyurwa nuko bamaze igihe bikeka uburozi bwoba burungikwa buvuye mu Burundi. Ni mugihe umumenyeshamakuru Bob Rugurika hamwe na Léonidas Hatungimana yahoze mu mugambwe CNDD-FDD ubu ari mu buhungiro na wene mu Bubiligi baheruka kuvugira mu kiganiro ca RPA bise ‘IJAMBO NI RWAWE’ ko bafise amakuru yo kwizera ko hari abantu bahunze harimwo na bone abo babiri bagizwe n’abamenyeshamakuru , abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abanyepolitike n’abandi ko baronderwa kugira bicishwe isumu iyo bahungiye hakoreshejwe bamwe mu barundi bagiye kwiga muri kimwe mu bihugu kiri I buraya

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments