UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi isabwa iyubahirizwa ry’amategeko y’igihugu,amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro-Pan-African Opposition Leaders Solidarity Network

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw’abarongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ku mugabane w’Afrika bariyamiriza agatotezo kari gukorerwa umushingamateka Agathon Rwasa aho umushikiranganji martin Niteretse ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano yamwagirije gukorana n’imirwi y’iterabwoba ubu naho akaba ariko yagirizwa na Martin Niteretse nyene kurungika abantu batazwi kugira bamenye neza aho aba n’imodoka akunda kugenderamwo.ibi biri mw’itangazo Pan-African Opposition Leaders Solidarity Network basohoye ku bimenyeshamakuru basaba Leta y’uburundi kubahiriza amategeko y’igihugu,amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro.


Nkuko biri muriryo tangazo, Leta y’uburundi isabwa iyubahirizwa ry’amategeko y’igihugu,amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ibi bakabivuga bafatiye kugatotezo Rwasa Agathon akorerwa aho aherutse kwagirizwa n’umushikiranganji martin Niteretse ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano gukorana n’imirwi y’iterabwoba ubu naho akaba ariko yagirizwa na Martin Niteretse nyene kurungika abantu batazwi kugira bamenye neza aho aba n’imodoka akunda kugenderamwo.

Babona ko ivyo vyose biriko vyagirizwa umushingamateka Agathon Rwasa ari kugira bamwake ubwigenge bwiwe mugihe hari n’abanywanyi b’umugambwe CNL bapfunzwe batarigera banaburanishwa abandi nabo bakabandanya baterwa ubwoba bongera batotezwa.
Abo barongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ku mugabane w’Afrika basaba abahagarariye amasezerano y’amahoro canecane ibihugu vya Tanzaniya na Afrika y’Epfo ko bafasha vyihuta mu gusaba Leta y’uburundi kubahiriza amategeko agenga igihugu c’uburundi n’amasezerano ya Arusha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments