UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ihungurwa ku nguvu ry’abarundi bahungiye I Nduta na Nyarugusu muri Tanzaniya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Buramatari w’intara ya Kigoma Thobias Andengenye amenyesha impunzi z’abarundi bahungiye mu nkambi ya Nduta na Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya ko ikiringo ca 31 kigarama 2024 ari ntabanduka ngo impunzi zose zibe zasubijwe mu Burundi.bitagenze uko Leta izofata izindi ngingo zikaze,kubwiwe avuga ko amahoro ari umusesekara mu Burundi ko bategerezwa gusubirayo.N’inyuma y’urugendo rwakozwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 ntwarante 2024 n’intumwa zigizwe n’abajejwe intwaro mu ntara ya kigoma mu gihugu ca Tanzaniya baherekejwe n’abakozi ba HCR mu nkambi y’impunzi z’abarundi ya Nduta na Nyarugusu.


Thobias Andengenye yamenyesheje izo mpunzi ko basigaranye amezi 9 gusa ngo babe batahutse kugushaka kwabo bitari iko naho imfashanyo yose bahora baronswa izoca ihagarikwa kandi avuga ko Leta ya Tanzaniya yamaze gufata ingingo ko ico kiringo ca 31 kigarama ari ntabanduka.

Thobias Andengenye yagize ati:«iki kiringo abazungu bacita promotion ariko jewe ndacita ico guhimiriza rero tuzoshirwa tubonye ko impunzi zose yavuye mu Burundi ironka amakuru kandi igafashwa gusubira mu gihugu mu mahoro n’umutekano.iyo mvuze ku nkuru zo guhunguka nagire ndababwire kandi ndabemeza ko mu Burundi amahoro yagarutse rero nagire ndababwire yuko inyuma y’iki kiringo kizohera kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2024 hazoca hakwirikira ikindi kiringo mugihe uto kwitabira kano kamo uzoca wamburwa ibijanye vyose n’ubuhungiro.Amashirahamwe 21 yose akorera hano mu bijanye n’impunzi z’abarundi ntazoba agikora,ndabasaba rero ko muri ico kiringo mwoba mwatashe imbere yuko Leta ifata izindi ngingo zikaze.

Kuva mu mwaka wa 2015 hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza,abarundi batari bake benshi barahunze igihu berekeza mu bihugu vyo mu karere nka Tanzaniya,Rwanda,Uganda na Kongo tutibagiye abahungiye ku migabane ya burayi.

Naho Leta ya Ya Tanzaniya ishaka guhungura impunzi ku nguvu hamwe yobikora yoba ihonyanze amategeko agenga impunzi aho avuga ko impunzi ishobora gutahukanwa ku bushake ata gahato mu gihe ivyiyumvamwo mu mutima kandi mu gihe ibona ko umutekano wayo ukingiwe.

Mu gihe uwo arongoye intara ya kigoma avuga ko amahoro ari umusesekara mu Burundi, biragoye kwemeza ko ivyo avuga arivyo kuko gushika uyu musi abarundi bari mu Burundi babayeho mu mwiheburo ntangere aho igihugu kiri mu bibazo vy’ubutunzi bikomeye;amazi meza,umuyagankuba,isukari ,ibitoro,iduzwa ry’ibiciro ku bifungurwa n’ibindi tutibagiye amafaranga mvamakungu yabaye umuzi w’ibuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments