UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi isabwa gukora ibishoboka vyose ikabuza abashaka gusambura uburongozi bw’umugambwe CNL

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ku mugabane wa Afrika bariyamiriza akarwi k’abantu bariko barategura kwaka uburongozi umugambwe CNL umushingamateka Agathon Rwasa.Bagasaba Leta y’uburundi kutemera uwo mugambi mubi ugamije gusenyura umugambwe CNL.Ibi babivuze inyuma yaho uruhande rutemera uburongozi bwa Agathon Rwasa batumiyeko ikoraniro kaminuza kuri uyu w’Imana I Ngozi.


Urwo runani rurasaba Leta y’uburundi kutemera izo nteguro z’abashaka gusambura umugambwe CNL kugira bubahirize amasezerano y’akarere k’Afrika y’ubuseruko,akarere ka Afrika na Mpuzamakungu kuko imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ari karahara muruganda ntibacura mugufasha na cane cane mu gukebura Leta.

Urwo runani kandi rusaba Lete y’uburundi n’ama Leta yo mu karere gukomeza demokrasi n’amategeko yubahiriza kiremwa muntu.

Ibi biriko bitegurwa mu gihe umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa ari mu gihugu ca Tanzaniya aho yitavye ikoraniro kaminuza ry’umugambwe ACT Wazalendo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments