UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Icikagurika ry’umuyagankuba rigiye guherana na ntwarante.Jean Albert Manigomba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuyobozi mukuru wa Regideso Dr Ir Jean Albert Manigomba arizeza abarundi ko ikibazo c’umuyagankuba bagiye kugisezerera burundu. N’inyuma yaho bari bamaze imisi mw’igerageza ry’umuyagankuba mushasha uva ku rugomero rwa Rusumo Force na Kabu 16.


Albert Manigomba agira ati:«Turiko turagira igerageza twokwita ko ari nk’iryanyuma ryo kuzana umuyagankuma wa Rusumo Force ni ikuvuga kuwakira burundu hamwe n’umuyagankuba uva kurugomero Kabu 16.ubu kurugomero rwa Rusumo Force hariho ama groupe 3 atanga umuyagankuba ungana na megawate 80 muri izo groupe 3,iyari imaze imisi iriho n’imwe gusa twaza turakuranwa hagati y’uburundi,Rwanda na Tanzaniya.ubu rero groupe igira kabiri yaheze n’iyigira 3 turizeye neza ko igiye guhera mu kwezi kwa ntwarante igenekerezo rya 13.uwo muyagankuba rero turiko turazana uje wiyongera kuwo twari dufise.ivyuma bitegerezwa kuwakira bisabwa gusubirizwa kubera umuyagankuba mwishi tugiye kwakira kugira bigire ubushobozi bihuye n’umuyagankuba tuzanye.n’urugomero rwa Kabu 16 rwaraheze gukorwa ubu umuyagankuba ugiye gutangura gushika mu gisagara ca Bujumbura kuri poste Natinale.»

Umuyagankuba umaze imisi ari ikibazo gikomeye cane mu gisagara ca Bujumbura eka mbere no hagati mugihugu aho abenegihugu basanzwe bakora imirimo isaba umuyagankuba bahuye n’ibibazo bikomeye biturutse kw’ibura ry’umuyagankuba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments