UBM News ads UBM News ads
Saturday, May 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ishirahamwe ririma amasaka avamwo isukari n’imfungurwa z’ibitungwa rigiye kuza gukorera mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe JIT MAT UGANDA Ltd rikomoka mu gihugu ca Uganda ririma amasaka yera azovamwo isukari, ibifungurwa vy’ibitungwa n’ibindi rigiye gutangura gukorera mu Burundi. Bikaba bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe uburimyi, Prosper Dodiko , aho amenyesha ko umurimyi w’umurundi agiye kuhatorera akoyokwe kuko abazokwitabira uwo mugambi bazobagurira ikiro kimwe c’ayo masaka ku mafaranga 3000 vy’amarundi.

Nkuko dukesha iyi nkuru iradiyo n’imboneshakure Isanganiro , uwuserukira iryo shirahamwe mu Burundi avuga ko ayo masaka azovamwo isukari n’imfungurwa z’ibitungwa. Bakazohingura kandi umwavu hamwe n’ivyo bita ‘Ethanol’. Iyo nayo ngo bazoyishora hanze kugira baronke amahera mvamakungu. Kubwiwe, ngo abarundi niyo batashobora kugura isukari yose izoba yahinguwe n’iryo hinguriro, bazoca baza barayishora no mu bihugu bibanyi. Agasigura ko bategekanya kuzohingura ku musi amatoni 500. Akamenyesha kandi ko bazanye umutahe w’imiriyoni 160 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Kuri uyu wa gatanu w’indwi iheze igihe Perezida Ndayishimiye yariko agirana inama n’aborozi b’ingurube bari bavuye mu gihugu cose, akaba yarashimishijwe n’uko abarwizatunga bariko baza mu gihugu arongoye aho abona ko bigeye gutuma bizoduza umwimbu mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments