UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi ikwiye kworohereza abarorerezi mpuzamakungu mu matora ya 2025-Parcem

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem asaba Leta y’uburundi ko yokwemera abarorerezi mpuzamakungu bakaza kuraba uko amatora ya 2025 azoba ariko aragenda kugira berekane ko amatora ariko aba mu muco.ibi abivuze inyuma yaho inama nshingamateka y’uburundi yemereje itegeko rishasha rigenga amatora twimirije ya 2025.


Faustin Ndikumana avuga ko abafise ivyo bajejwe bose bakwiye kuja hamwe mu gufata ingingo zituma amatora ya 2025 aba meza ntihaboneke ivyotuma haba uruhagarara mu gihugu.Uwo arongoye Parcem arashikiriza bimwe muvyokorwa kugira amatora ya 2025 abe amatora meza yizewe na bose;
Amatora akwiye gutunganywa mu buhinga bukwiye,uko amatora aba ariko aragenda bikaza birashirwa ahabona kugira bose bamenye uko ariko aragenda.
Umurwi CENI ukwiye kwigenga koko ntuhengamire ku ruhande kugira abajejwe intwaro, aba polisi n’urwaruka ruhurikiye mu migambwe ntibivange mw’itunganywa ry’amatora.
Leta y’uburundi ikwiye kwemerera abarorerezi mpuzamakungu bakaza kuraba uko amatora azoba ariko aragenda kugira bitange vyerekane ko ariko aba mu muco.

Uburundi bwagiye buhura n’imvururu zijanye n’itunganywa ribi ry’amatora kubera ikumirwa rya bamwe muru politike no mu matora bigaheza bigatera ibibazo vy’umutekano muke mu gihugu.CENI yarikwiye kuba akarorero keza ikerekana ko ataho ihengamiye mu matora ya 2025 maze abarundi bose bakisanzura mw’ihiganwa hama abatsinze bagatwarira bose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments